Intahe ya Ev. BIZOZA Dieudonné

Témoignages

Jewe nitwa Ev. BIZOZA Dieudonné,hari kw’igenekerezo rya 26/04/2021,igitondo,umunsi mwiza ntazokwigera nibagira mu buzima bwanje,aho IMANA yarihejeje kunyugururira imiryango y’ibohero rikuru rya Mpimba narimazemwo imyaka itanu n’amezi ane n’iminsi cumi n’umunani (5ans 4mois et 18jrs), Nyen’icubahiro umukuru w’igihugu cacu Général Major Evariste NDAYISHIMIYE yararamutse ancuranurira imyambaro ankura iy’imbohe anyambika iy’ukwidegemvya nkuko muvyibonera aho kwisanamu ,iyi sanamu nyene yaciye ikwira isi yose mukanya yarigifatwa aho madame Pasteur KAGAYO Marie Gloriose arongoye FCF (Femme Coeur de la Famille),aho yari ari kure y’uburundi yayibona aca nawe anezeranwa nanje n’itabarwa ryanje naho ataranzi,

 

kubw’umutima,w’ubuvyeyi,impuhwe,urukundo,nubwo yari kure yaciye ako kanya nyene akibona iyi foto,arondeza numero yanje ibitari vyoroshe kuko nta numero kanuni nagira muga kubw’ubwira n’ubukerebutsi n’ishaka yabigizemwo yarayironse ari mubantu bambere twavuganye kw’iterefone nkirekurwa mva mw’ibohero umutima wanje warusanzwe unezerewe muga mbonye numero ya Canada impamagaye vyarandenze cane arambwira ngo Ni BIZOZA nt’egome ngo jewe ntunzi ngo ariko ndi mwene data nezererewe ivyo YESU agukoreye,ngo sindihafi yawe ngo ariko numva nezerewe kubwawe ngo iyo mba ndi hafi yawe twari gusangira, ngo ariko ntaco igihe kizogera ngo muga jewe b’abanje turanezeranywe nawe, ikibazo yambajije ko iyo numero ndayikoeshako Ecocash, ako kanya nyene message yarishitse y’amafanta menshi andungikiye ngo nezeranwe n’umuryango nukuri nararengewe,ndatangara ndumirwa nari nsanzwe nezerewe pe muga vyaguma bindengera rero uyu mu maman Pasteur KAGAYO yarashoboye kurushiriza kunezererza yaba jewe n’abanyegerewe banyakiriye uyo munsi,

 

narakozweko cane n’ico kintu guhera aho duhana ama numero dushingiranira intahe,tuba incuti zishika,mu mezi yakurikiye aza mu jurundi turabonana turiginana,ikindi ntazokwibagira nukuntu akimbona yambajije amakuru yo mw’ibohero akanangobera ngo ntazosubire inyuma ntamujanye mw’ibohero kubaramutsa rero igenekerezo rya 1/09/2021 twarugururiwe urugi turinjira ibohero rikuru rya Mpimba mw’shengero ry’abakristo bo mu mpimba (E.C.M) aho yagiye abagemuriye igiseke c’ubutumwa bwiza bwa YESU KRISTO, n’ibindi vyankenerwa mu buzima bw’imbohe,bibles,cantiques,isabuni,isukari,ubuyi,ibitenge,n’impuzu zitandukanye z’abagabo n’abagore,abahungu n’abakobwa n’abana vyari vyiza cane kandi igihe cose aje abagomba kuguma aja kubaraba naho bidakunda iminsi yose muga uyo mutima wo gufasha no gukorera ivyiza abari hanyuma y’abandi kumenyana nawe vyaranyunguye cane yampuje n’abantu benshi b’ikimazi,ampa ikaze muri FCF aho tuhigishirizwa ibitaribike bizodufasha aho bukera,mu majambo make n’umu maman mwiza,yuzuye ubwenge bw’IMANA,uguca bugufi,ugutahura,ukumenya,ugufasha,impuhwe,urukundo.